Uko wahagera

Abimukira Bashika 480 Bararokowe muri Mediterane


Abimukira barokowe n'abasirikare ba Libiya

Abasirikare b’Ubutaliyano bacungera imbibe z’amazi batangaje ko abakora ibikorwa vyo gutabara barokoye abimukira 484 bari mu bwato mw’ibahari mediterane ku musi wa gatandatu bongera batora ibiziga indwi vy’abagabo bapfuye bariko bageregeza kujabuka k’umugabane wa Burayi.

Abimukira barenga ibihumbi 45 nibo bamaze gushika m’Ubutaliyano bandurutse bava m’uburaruko bw’Afrika kuva uyu mwaka utangura, bakaba biyongereye ku bice 40 kw’ijana ugereranije n’igihe nk’iki mu mwaka wa 2016.

Abashika 1,222 nibo bamaze kumenyekana ko bapfiriye mu nzira nk’uko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG