Uko wahagera

Somaliya: Abanyagihugu Bicanye


Umwe mu banyagihugu ba Somaliya yaguye mu mishamirano hagati y'imiryango idacana uwaka
Umwe mu banyagihugu ba Somaliya yaguye mu mishamirano hagati y'imiryango idacana uwaka

Muri Somaliya, abantu batandatu bapfuye, abandi icenda barakomereka, mu mishamirano yabaye hagati y’imigwi ibiri y’abagwanyi isanzwe idacana uwaka. Ivyo vyatangajwe n’abanyagihugu hamwe n’ababaserukira, babona igihe iyo mishamirano yaduka, mu ntara ya Galgudud, iri hagati muri Somaliya, kur’uyu wa gatandatu.

Mohamed Ali Ilmi, Buramatari w’intara ya Galgudud, yabwiye Ijwi rya Amerika ko gushik’ubu ako karere kakirimwo uruhagarara, kandi ko hashobora kwduka iyindi ntambara, mu gihe no mu ntara zihana urubibe na Galgudud, hariko haraba imyiteguro.

Hassan Ali Omar, umuhumure aba mur’ako karere yatangaje ko izo ntambara zadutse kur’uyu wa gatandatu zimaze imyaka itari mike, zitewe n’impari z’amatongo n’ibitungwa.

Somaliya isanzwe ibangamiwe n’uruzuba, rwatumye Igihugu gitangura gutakira amakungu kugira agifashe kugwanya ikiza c’inzara kibandanya kwiyongera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG