Uko wahagera

France: Imyiteguro mu Matora y'Abashingamateka


Prezida Emmanuel Macron aheruka gutsindira amatora mu gihugu c’Ubufaransa yarasezeranye ko agiye guhindura ibitari bike mur’ico gihugu, harimwo no kunagura ubutunzi bwaco. Yamara Prezida Macron akeneye abamuyoboka benshi mu nama nshingamateka kugira ashobore kurangura iyo migambi.

Prezida Macron, asanzwe ata mugambwe yaserukiye, muri kino gihe akaba akeneye gushira hamwe abanywanyi biwe nk’umugambwe, kugira bashobore kandi guhangana n’imigambwe isanzweho.

Prezida Macron afise ikiringo c’ukwezi kumwe kugira ashobore kwemeza abanyagihugu b’abafaransa kuva inyuma y’imigambwe ihasanzwe.

Amatora y’abashingamateka ategekanijwe kuba m’ukwezi kuza kwa gatandatu. Ku bashingamateka amajana atanu na mirongo indwi n'indwi bakenewe, umuhari wa Prezida Macron, En Marche, umaze kwegeranya amazina y’abashika amajana ane na mirongo ibiri n'umunani.

Abenshi mur’abo na burambe bafise muvya politike. Ibice bitanu kw’ijana vy’abo bakaba bari mu nama nshingamateka yahahora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG