Uko wahagera

USA: James Comey Agiye Gusubirizwa Vuba


Andrew McCabe arongoye FBI ivy'imfatakibanza, ariko yishura ibibazo muri sena y'Amerika.
Andrew McCabe arongoye FBI ivy'imfatakibanza, ariko yishura ibibazo muri sena y'Amerika.

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ariko ararondera uwo azosubiriza James Comey yahoze arongoye ibiro vya FBI bijejwe gutohoza ivyaha.

Ivyo vyatangajwe n’umwe mu bategetsi bo mu biro vya White House kur’uyu wa gatanu. Ubushikiranganji bw’ubutungane ari nabwo ibiro vya FBI vyegukira buza bumaze kuronka amazina y’abantu 11 buzohitamwo.

Umuvugizi w’ibiro vya White House, Sean Spicer yabwiye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatanu ko perezida Trump agiye kugena umutegetsi musha wa FBI mu maguru masha igihe cose azoronkera uwukwije ibisabwa.

Mwibuke ko James Comey yabogojwe mu mabanga yiwe yo kurongora FBI ku musi wa kabiri mugihe yariko aragira amatohoza ku migenderanire abari begereye Trump mu myiyamamazo mu matora yo mu 2016 boba bagiranye n’Uburusiya.

Ikurwa ryiwe rikaba ririko ritera impari za politike zitari nke muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG