Uko wahagera

Trump Aragabisha James Comey


Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yagabishije, James Comey yahoze ayoboye ibiro vy’igihugu bijejwe gutohoza ivyaha, FBI, mu kuvuga ko atohirahira ngo ashire ahabona ibiganiro bagiranye mw’ibanga mu ntango z’uyu mwaka bishobora kuba vyarafashwe amajwi.

Perezida Trump yirukanye Comey mu mabanga yiwe ku musi wa kabiri. Comey yariko atohoza ivyagirizo vyuko Uburusiya bwivanze mu matora y’umukuru w’igihugu muri Amerika yabaye mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze, hamwe nuko abari bajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza ciwe bashobora kuba bakoranye n’Uburusiya.

Mu butumwa yashize ku rubuga Twitter mu gitondo co kur’uyu wa gatanu, Trump yavuze ko James Comey abe ata amajwi yafashe y’ibiganiro bagiranye imbere yuko atangura kubishikiriza itangazamakuru.

Perezida Trump yabonanye na James Comey mu biro vyiwe, Maison Blanche, mu ntango z’uyu mwaka.

Ikinyamakuru, New York Times, catangaje mw’ijoro ryo kur’uyu wa kane ko Trump yasavye Comey kwemera kw’azomuyobokera ico gihe babonana.

Ico kinyamakuru kivuga ko Comey yanse gutanga uwo muhango. Yamara yamwemereye kw’azomubwiza ukuri. Trump yabandanije kumusaba kumuyobokera incuro zitari nke. Comey yaruhiye kumubwira kw’azomuyobokera ku bw’ikinyamakuru, New York Times.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG