Uko wahagera

USA: Impari kw'Ikomborwa ry'Umuyobozi wa FBI


Prezida Donald Trump wa Amerika

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yemanze kur’uyu wa kane ko yabajije umukuru w’ibiro bijejwe gukora amatohoza ku vyaha, nimba yoba ariko arakorwako amatohoza. Ni mu gihe hari impari za politike ku bijanye n’ikomborwa ry’umukuru w’ibiro vya FBI, James Comey, ryabaye k’umunsi wa kabiri. Bamwe bakavuga ko bafise amakenga ko hashobora kuba har’ukutubahiriza ibwirizwa shingiro.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru NBC, Prezida Trump yavuze ko ata matohoza ariko aramukorwako. Ni mu gihe yar’abajijwe ku bijanye n’ivyatangajwe na Comey, ku matohoza ariko akorwa ku myiyamamazo yiwe, m’umwaka uheze, hamwe n’uko yoba yarakoranye na Reta y’Uburusiya mur’ico gihe.

Bradley Moss, umuhinga mu bibazo vy’umutekano mu gihugu yabwiye Ijwi rya Amerika ko ico kibazo kitashobora kubazwa. Yamara Moss avuga kandi ko bigoye kumenya nimba harabaye kurenga ku mategeko, bivuye ko Comey yishuye ko at’amatohoza ariko arakorwa kuri Prezida Trump.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG