Uko wahagera

Turukiya Iramirira Kure Ingingo ya Amerika


Prezida Recep Tayyip Erdogan wa Turukiya

Ingingo yafashwe na Reta ya Amerika, yo guha ibigwanisho abagwanyi b’aba kurde, bagwanira muri Siriya, yateye icuka kibi muri Turukiya. Binali Yildirim, umushikiranganji wa mbere wa Turukiya, yatangaje ko iyo ngingo batazoyemera. Avuga kandi ko Amerika izi neza ko uwo mugwi ar’umugwi w’iterabwoba.

Umuhari w’aba Kurde usanzwe ukomeye mu gikorwa co kugwanya umuhari wa Reta ya Kisilamu. Yamara Reta ya Turukiya iwagiriza ko ukorana n’umugambwe w’abakozi, usanzwe utavuga rumwe na Reta ya Turukiya.

Ingingo ya Prezida Trump ije inyuma y’amezi atari make Prezida Recep Tayyip Erdogan agabisha ku bijanye n’imigenderanire ya Amerika na Turukiya. Gushik’ubu kandi akaba ataco ashikiriza kur’iyo ngingo.

Aydin Selcen, yahoze akora mu biro vy’uwuserukira Turukiya i Washington no muri Iraki, avuga ko iyo ngingo ataco izokwonona mu migenderanire y’ivyo bihugu ukwari bibiri, bivuye k’urugendo Prezida wa Turukiya ategekanya gukora muri Amerika, hamwe kandi n’uko atacigeze gitangazwa na Turukiya k’urwego rwo hejuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG