Uko wahagera

Somaliya: Impungenge ku bikorwa vy'Igisirikare


Amashirahamwe y’abagiraneza akorera mu gihugu ca Somaliya amenyesha ko atewe amakenga n’ivyegeranyo bivuga ko abasirikare bagiye kwivuna abansi mu gihe igihugu kicugarijwe n’ikibazo c’inzara. Ivyo vyatangajwe n’ayo mashirahamwe mu nama mpuzamakungu yabereye m’Ubwongereza, kur’uyu wa kane, ku bijanye n’igihugu ca Somaliya.

Ayo mashirahamwe avuga ko ibikorwa vya gisirikare bitegekanijwe gutangura mu minsi ir’imbere, bizotuma haba ingorane zikomeye mu bikorwa vyo gushikiriza imfashanyo abanyagihugu, bikabangamira uruja n’uruza mu gihugu hagati. Ayo mashirahamwe akavuga ko ica ngombwa mur’uyu mwanya ar’uko hoba gufasha abantu, no kugwanya ikiza c’inzara.

Prezida Mohamed Abdullahi Farmajo wa Somaliya, aheruka gutangaza ko yihaye ikiringo c’imyaka ibiri kugira abe yatujije umuhari al-Shabab. Prezida Donald Trump wa Amerika aheruka gutangaza ko uturere turwaniramwo abagwanyi ba al-Shabab ar’uturere turangwamwo intambara kandi ko hategekanijwe ibitero vyo gutuza uwo muhari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG