Uko wahagera

Trump Akomeye ku Cyemezo Yafashe cyo Kwirukana Comey


Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, ariko arashigikira ingingo yiwe y’ukwirukana James Comey mu mabanga y’ukuyobora ibiro vy’igihugu bijejwe gutohoza ivyaha, FBI.

Amenyesha ko baba abademokrate canke abarepublika bose batakaje icizere muri Comey.

Mu butumwa butari buke yashikirije ku rubuga Twitter, Trump yavuze ko Comey azosubirirwa n’umuntu azokora neza akazi kiwe, kandi azosubira guhesha icubahiro n’iteka ibiro, FBI.

Abanebagura ingingo ya Perezida Trump y’ukwirukana Comey bavuga kw’iyo ngingo ivyura ibibazo kw’itohoza ry’ibiro FBI ku vyuko nimba Uburusiya bwarivanze mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Hari ibibazo kandi kw’abari bajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza ca Trump bashobora kuba barakoranye n’Uburusiya.

Comey yari yagenywe mu mabanga y’ukuyobora ibiro, FBI haheze imyaka ine. Abayobozi b’ivyo biro bagenwa mu kiringo c’imyaka cumi.

Comey yariko ashikiriza ijambo umurwi w’abakozi b’ibiro FBI muri Reta ya California igihe yamenya ko yakuwe mu mabanga yiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG