Uko wahagera

RCA: Inteko za ONU Zaguye mu Gitero


Inteko za ONU muri Centrafrika

Abasirikare bane b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, bakorera mu gihugu ca Centrafurika baguye mu gitero, uwundi umwe aranyuruzwa, kur’uyu wa kabiri. Ivyo vyatangajwe n’umugwi w’inteko za ONU, MINUSCA, ukorera aho muri ico gihugu, aho wavuze kandi ko har’abandi basirikare umunani bakomerekeye mur’ico gitero.

Iryo tangazo rya MINUSCA rivuga kandi ko abagwanyi umunani ari bo basize ubuzima mur’ico gitero cabereye mu gisagara ca Yogofongo, ku birometero amajana ane na mirongo indwi uva i Bangui, k’umugwa mukuru wa Centrafurika. Indege ya kajugujugu, irimwo abasirikare ikaba yarungitswe mu gikorwa co kurondera abaguye mur’ico gitero.

Ico gitero kibaye inyuma y’iminsi mike har’amashirahamwe mpuzamakungu ashika kuri atanu aheruka guhagarika, vy’agateganyo, ibikorwa vyayo mur’ako karere, kugarijwe n’intambara. Ayo mashirahamwe akagiriza imigwi y’abitwaje ibigwanisho, iri mur’ako karere, ko ikora ibitero ku bakozi bayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG