Uko wahagera

Abantu 13 Bishwe mu Mirwano Muri Somaliya


Abantu 13 bishwe mu gutana mu mitwe kwabaye, hagati y’inteko za Reta n’abarwanyi b’umurwi al-Shabab mu bumanuko bushira uburengero bwa Somaliya.

Ivyo vyatangajwe n’ivyabona hamwe n’abategetsi ba Somaliya.

Ugutana mu mitwe kwatanguye mu masaha ya kare y’uno musi ku wa kabiri igihe abarwanyi ba al-Shabab batera ikambi y’igisirikare ca Reta mu gice citwa Goofgaduud, hafi y’ibilometero 35 hanze y’igisagara ca Baidoa, n’ibilometero 250 mu buraruko bushira uburengero bw’umurwa mukuru, Mogadisho.

Umwe mu vyabona yabwiye Ijwi rya Amerika, aho atashatse kw’izina ryiwe rimenyekana, kw’abarwanyi bagera kw’ijana bafise ibirwanisho bikomeye cane bateye ikambi y’inteko za Reta n’amarokete n’ibikoho bikomakomeye. Amenyesha kw’ugutana mu mitwe kwamaze hafi y’isaha.

Uwundi umwe mu vyabona avuga ko yabonye ibiziga vy’abarwanyi bane n’abasirikare ba Reta bane bapfuye.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’Iradiyo ivugira uwo murwi, Radio Andalus, umurwi al-Shabab umenyesha ko wafashe igisagara cose ca Goofgaduud, wica abasirikare ba Reta cumi na batandatu.

Yamara Shiina Moalim Nuurow, umusirikare mukuru ayoboye inteko z’igipolisi zidasanzwe mur’ako karere ziriko zirwana n’umurwi al-Shabab amenyesha kw’inteko za Reta zigifise igisagara ca Goofgaduud, kandi ko zatujije igitero c’abarwanyi ba al-Shabab.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG