Uko wahagera

Amerika yahagaritse Imfashanyo Yagenera Kenya


Imyiyerekano y'abaganga muri Kenya

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zahagaritse imfashanyo yari igenewe igisata c’ubuvuzi c’igihugu ca Kenya. Ivyo inyuma y’ivyagirizo vya ruswa n’ugusesagura amafranga.

Ambasade ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika i Nairobi yatangaje kw’imfashanyo y’amadolari imiliyoni 21 igenewe ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu yahagaritswe.

Imfashanyo Amerika iha igihugu ca Kenya muri rusangi ku mwaka mu gisata cerekeye amagara y’abantu n’imiliyoni 630.

Ambasade ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika itangaza ko yafashe ingingo y’uguhagarika iyo mfashanyo kubera impungene zibandanya zifatiye ku makuru avuga kuri ruswa mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Kenya, Cleopa Mailu yemeje amakuru yerekeye ihagarikwa ry’imfashanyo Amerika yaha igihugu ciwe mu gisata c’ubuvuzi.

Ivyo bibaye inyuma yuko y’ivyagairizo vya ruswa muri ubwo bushikiringanji yatwaye imiliyoni mirongo ine n’icenda y’amadolari mur’ico gisata mu mwaka uheze hamwe n’ukugarariza akazi kw’abaganga n’abaforomo kwarangiye mu kwezi kwa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG