Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yakeje kur’uyu wa mbere Emmanuel Macron ku ntsinzi yatahukanye mu matora y’umukuru w’igihugu m’Ubufaransa kandi ashikiriza ko yipfuza kubonana nawe vuba.
Stéphane Dujarric, avugira ONU yatangaje ko Antonio Guterres agiye kurungikira urwete rutumira Macron mu mubonana yipfuza ko woba muri kazoza ka hafi.
Uyo mubonano kazoba ar’akaryo ku kuvugana ku bibazo bijanye n’ihindagurika ry’ibihe, kurwanya iterabwoba mpuzamakungu hamwe n’ibikorwa vyo gutsimbataza amahoro kw’isi.
Intsinzi ya Emmanuel Macron yakiriwe neza kucicaro ca ONU, bivanye nuko Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yavuze ko agiye kugabanya intererano Amerika iha ONU no kuvavanura n’amasezerano y’I Paris kw’ihindagurika ry’ibihe.
Uyo agiye kurongora Ubufaransa mu myiyamamazo yiwe yaremeye ko agiye guhagararira ayo masezerano kandi yemeye k’umusi wa gatanu ko agiye kuremera Donald Trump ntavavanure nayo.
Facebook Forum