Uko wahagera

ONU Isaba Kudacira Ivomo Abigeme ba Chibok


Abigeme b'abanyeshule bari bagizwe imbohe baherutse kurekurwa n'umurwi Boko Haram muri Nigeriya

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryarakiye neza ku musi wa mbere irekurwa ry’abanyeshule b’abigeme 82 inyuma yuko bamaze imyaka itatu banyurujwe n’umurwi Boko Haram. Ishirahamwe ONU ryasavye imiryango yabo n’ababa mu bice abo bigeme bavamwo kutabacira ivomo.

Abo bigeme banyurujwe mu mwaka w’i 2014 kw’ishule bigako mu gisagara ca Chibok, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeriya, barekuwe ku musi wa gatandatu w’indwi iheze inyuma yuko habaye ugukaba abanyororo n’umurwi Boko Haram.

Umuvugizi w’ishirahamwe ONU, Stephane Dujarric yavuze ko basaba abanyanigeriya bose kwakira abanyeshule b’abigeme 86 barekuwe n’umurwi Boko Haram n’ukubafasha mu buryo bwose bushoboka kugira bashobore gusubira mu buzima bahoramwo.

Umukuru w’umurwi Boko Haram yari yagabishije kugurisha abo bigeme mu ntumbero y’ukubashirashuza canke kubarongoza ku nguvu ku barwanyi b’umurwi Boko Haram.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG