Uko wahagera

Bombe Yahitanye 6 muri Somaliya


Ahantu ikibombe cyaturkiye mu murwa mukuru wa Somaliya

Abantu batandatu bapfuye, abandi batari bake barakomereka igihe imodoka yari yuzuye amabombe yaseka uburiro ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho, uno musi ku wa mbere. Mu bapfuye harimwo umusirikare akomeye w’intwazangabo w’umujenerali.

Abategetsis ba reta babwiye Ijwi rya Amerika, Servisi y’Igisomali ko Jenerali Abdi Aden yari mu bishwe mu gitero ca bombe c’uno musi ku wa mbere.

Abandi bantu icumi bakomeretses muri ico gitero ca bombe yaturitse gatoyi imbere y’isaha cumi na zibiri zo mu ku muhingamo mu masaha yaho uno musi ku wa mbere. Ivyo vyaberye hafi y'uburiro n’ikibanza abantu banyweramwo icayi n’ikawa bugenderwa cane bwitwa, Italian Café.

Nta wiyitiriye buno nyene ico gitero. Yamara umurwi w’abarwanyi, al-Shabab kenshi uragira ibitero mu bibanza abantu bagenderamwo nk’amahoteri n’uburiro ku murwa mukuru, Mogadihso.

Ico gitero cabaye igihe perezida wa Somaliya, Mohamed Abdullahi Mohamed yari kumwe n’umurwi w’abajejwe umutekano w’igihugu ku murwa mukuru, Mogadisho.

Muri ico gihe abasirikare ba reta bane bapfuye uno musi ku wa mbere mu gitero ca bombe mu mihana y’ahitwa, Kabtanlas hafi y’igisagara ca Qoryoley, mu ntara ya Lower Shabelle.

Abo basirikare bari bariko bagenda n’imodoka igihe iyo bombe yaturika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG