Uko wahagera

Abasilikare 2 ba Kongo Baguye mu Gitero


Abasirikare babiri b’igihugu ca Kongo bishwe uno musi ku wa mbere mu gitero citiriwe abarwanya ubutegetsi bo mu murwi FDLR, mu ntara ya Kivu yo mu buraruko.

Umuvugizi w’igisirikare ca Kongo, Ndjike Kaiko, avuga kw’abarwanyi b’urunani FDLR-Nyatura bateye ikirindiro c’abasirikare ba reta mu karere ka Katchanga.

Umuyobozi w’ishirahamwe riserukira abanyagihugu mu karere ka Katchanga, Laurent Kamundu avuga kw’umusivile umwe yishwe mur’ukwo kurasana hagati y’inteko za reta n’urunani FDLR-Nyatura.

Abarwanyi b’umurwi FDLR bakwiragiye cane cane mu ntara za Kivu yo mu buraruko na Kivu yo mu bumanuko. Nta bikorwa vya gisirikare bikomeye baragira mu Rwanda kuva mu mwaka w’i 2001. Yamara kenshi bagirizwa ko bakora ubwicanyi bugayitse ku basivile mu bice bagenzura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG