Uko wahagera

Umukuru w'Umuhari wa reta ya Kiyisilamu muri Afuganistani Yarishwe


Abasirikare b'Amerika hamwe n'aba Afuganistani i Jalalabad, mu ntara ya Nangarhar.
Abasirikare b'Amerika hamwe n'aba Afuganistani i Jalalabad, mu ntara ya Nangarhar.

Reta ya Afuganistani hamwe n’igisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika baremeje kur'uyu w’Imana iyicwa ry’umukuru w’umuhari wa reta ya Kiyisilamu mur’ico gihugu, Abdul Hasib, mugitero bakoreye hamwe mu buseruko bw’intara ya Nangarhar mu mpera z’ukwezi kwa kane.

Bavuga kandi ko n’abandi bategetsi bakomeye b’uwo muhari bishwe hamwe n’abarwanyi babo 35 mur’ico gitero.

Hasib yari yagenwe kurongora uwo muhari m’umwaka uheze inyuma y’urupfu rwa Hafiz Saeed Khan yahoze arongoye abatalibani, mugitero c’indege ya drone y’abanyamerika mur’iyo ntara nyene.

Hasib niwe yagirizwa ko yateguye igitero kubitaro vya gisirikare I Kabulkw' italiki umunani z’ukwezi kwa gatatu, gihitana abarenga 30 hamwe n’abashika 80 bakomeretse, nkuko vyashikirijwe n’ibiro vya perezida w’Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG