Uko wahagera

Amakungu Arashima Intsinzi ya Macron


Emmanuel Macron yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu mu Bufaransa
Emmanuel Macron yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu mu Bufaransa

Amakungu arabandanya gukeza Emmanuel Macron ku ntsinzi yatahukanye mu matora y’umukuru w’igihugu mu Bufaransa.

Umukuru wa Komisiyo y’Uburayi, Jean-Claude Juncker, yavuze ko abafaransa bahisemwo kazoza keza k’abanyabulayi.

Umukuru w’inama y’abanyabulayi, Donald Tusk, yarashimwe abafaransa kubona batoye ukwidegemvya, ukungana hamwe n’ubuvukanyi .

Nawe perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ati: "Ndafise igishika cinshi co gukorana na Macron no kubandanya imigenderanire na reta y’Ubufaransa.

Hillary Clinton, aheruka gutsindwa mu matora ahitiye muri Amerika yavuze ko intsinzi ya Macron ar’intsinzi y’Ubufaransa n’amakungu, yongerako ko abivanga mu matora y’abandi baneshejwe. Aho akaba yariko avuga Uburusiya bwagirizwa ko bwatosekaje amatora yo m'umwaka uheze muri Amerika.

S’abo gusa, eka na Jesse Jackson azwi nk’umupasitori rurangiranwa mu baharanira agateka ka muntu, Steffen Seibert, avugira shanseliye Merkel w’Ubudagi, umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May,

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe, umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau, perezida wa Ukraine Petro Porochenko, umushikranganji wa mbere w’Ubugiriki, Alexis Tsipras n’abandi bose barakeza Macron kuntsinzi yiwe kandi bavuga ko biteze gukorana nawe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG