Uko wahagera

Nijeriya: Boko Haram Yarekuye Abigeme b'i Chibok Barenga 80


Bamwe mu bigeme b'i Chibok, muri Nijeriya, bafashwe n'umuhari Boko Haram.

Umugwi Boko Haram, ukorera m’uburaruko bwa Nijeriya warekuye abigeme barenga mirongo umunani, bari mubari barafashwe mu bihumbi bibiri na cumi na kane, mu ntara ya Chibok, hafi y’umupaka wa Nijeriya, Tchad na Niger. Ayo makuru yemejwe n’abajejwe intwaro, mu gitondo co kur’uyu w’Imana.

Ikinyamakuru CNN, catangaje ko umwe mu bategetsi ba Nijeriya yavuze ko abashika kuri mirongo umunani na babiri ubu bacungerewe n’abasirikare, m’uburaruko bushira ubuseruko bw’intara ya Banki, hafi y’umupaka wa Kameruni. Vyitezwe ko abo bigeme bajanwa I Abuja, k’umugwa mukuru wa Nijeriya, aho bazoheza bakavurigwa imbere y’uko bashikirizwa imiryango yabo.

Abo bigeme barekuwe inyuma y’ibiganiro vyabaye hagati y’umuhari Boko Haram, n’intumwa za Reta. Uwo muhari uracasigaranye abandi batari bake.

Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rivuga ko abo bigeme atari bo bonyene bamaze kunyuruzwa n’umuhari Boko Haram. Abahungu n’abakobwa bashika ku bihumbi bibiri baramaze kuburwa irengero ryabo, kuva mu bihumbi bibiri na cumi na kane. Amnesty International ivuga ko abenshi mur’abo bafatwa, bakoreshwa ibikorwa vyo gukinjika, gushurashuzwa ku nguvu, kuba abagwanyi, n’ibikorwa vy’ubwiyahuzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG