Uko wahagera

Siriya: Ishirwa mu Ngiro ry'Amasezerano y'Amahoro


Abasezerukira Uburusiya, Turukiya na Irani, mu biganiro vy'amahoro kuri Siriya.
Abasezerukira Uburusiya, Turukiya na Irani, mu biganiro vy'amahoro kuri Siriya.

Muri Siriya, amasezerano aheruka guterwako igikimu ategekanya amahoro m’uturere tumwe tumwe, yashizwe mu ngiro mur’iri joro, isaha ya sasita mu masaha yo muri Siriya.

Alexander Lavrentyev, intumwa y’Uburusiya mu biganiro vy’amahoro I Kazakhstan, yatangaje kur’uyu wa gatanu ko ikoreshwa ry’indege z’ingwano mur’utwo turere, ar’ikizira. Lavrentyev avuga ko ico kibazo kidasubigwamwo.

Ayo masezerano yashizweho n’Uburusiya, Turukiya na Irani, k’umunsi wa kane, mu ntumbero yo gushiraho uturere turangwamwo amahoro, kugira baheraheze intambara imaze imyaka itandatu. Ayo masezerano ategekanya kandi gushinga ingingo zo kugabanya intambara m’uturere abagwanyi bari barigaruriye.

Yamara n’aho bir’uko, biboneka ko ivyo biganiro bimaze kuba incuro zine bishobora kuba ataco birashikako, ivyo bikavugwa mu gihe atawuzi nimba ayo masezerano azoshobora gushigwa mu ngiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG