Uko wahagera

Obama Azojya mu Nama y'Ibiribwa mu Butaliyano


Barack Obama, wahoze ari perezida wa Leta zunze ubumwe z'Amerika
Barack Obama, wahoze ari perezida wa Leta zunze ubumwe z'Amerika

Barack Obama yahoze ari perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatumiwe nk’umushitsi w’icubahiro mu nama mpuzamakungu yerekeye ibifungurwa. Iyo nama izoba ku musi wa kabiri mu gisagara ca Milan, mu gihugu c’Ubutaliyano.

Iyo nama izokwakira abantu barenga amajana abiri bavuye mu bice bitandukanye vyo kw’isi. Abashikiranganji batari bake b’Ubutaliyano, co kimwe na Perezida Matteo Renzi, bazoba bitavye iyo nama .

Iyo nama, izoba kuva ku musi wa mbere gushika ku musi wa kane mu kibanza c’ihayanishwa ca Rho Fiera, izoba irimwo ibiganiro ku vyerekeye ibifungurwa n’ubuhinga bushasha muri ico gisata, hamwe n’ubuhinga bushasha bw’ukwimbura muri kazoza.

Barack Obama azoshikiriza ijambo hanyuma avugane n’uwahoze ar’umukuru w’abamutegaurira ibifungurwa mu biro vyiwe, Maison Blanche, igihe yari perezida, Sam Kass. Yigeze kandi kuba ar’umuhanuzi wiwe ku bibazo bijanye n’ugufungura.

Obama azoba ari mu biganiro ku bijanye na demokarasi hamwe na Chanceliere w’Ubudagi, Angela Merkel, i Berlin kw’italiki 25 z’ukwezi kwa gatanu

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG