Uko wahagera

Amatora ya Perezida mu Bufransa ni ku Musi wa Mungu


Abakandida Marine Le Pen na Emmanuel Macron mu Bufaransa
Abakandida Marine Le Pen na Emmanuel Macron mu Bufaransa

Abakandida mu ncuro ya kabiri y’amatora y’umukuru w’igihugu azoba m'Ubufransa kur’uyu w’Imana wimirije, biyamamaje ubwa nyuma uno musi ku wa gatanu.

Umukandi w’umuhari, En Avant, Emmanuel Macron na Marine Le Pen wo mu mugambwe, Front National, barangije igikorwa cabo c’ukwiyamaza mu kugendera ibice bitandukanye vy’Ubufransa hamwe n’ugushikiriza amajambo ku maradiyo na televiziyo mu gihugu.

Mu gihe igikorwa c’ukwiyamamaza kiriko kirarangira uno musi ku wa gatanu, ivya nyuma vyatohojwe vyerekana kw’umukandida, Macron ari imbere ya Le Pen na mirongo itandatu n’ibice bitanu kw’ijana vy’amajwi kuri mirongo itatu n’umunani n’ibice bitanu kw’ijana vya Le Pen.

Le Pen yagendeye isengero nkuru ryo mu gisagara ca Reims mu buraruko bushira ubuseruko bw'Ubufransa, aho abami b’Ubufransa bahezagirirwa. N’urugendo yagize giturumbuka.

Emmanuel Macron nawe yari mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu. Yagendeye isengero nkuru yo mu gisagara ca Rodez. Macron yatangaje kw’aza yarahisemwo umushikiranganji wa mbere niyo yatsinda amatora.

Macron aza kuja mu buraruko bw’igihugu, aho azotora ku musi w’Imana imbere yuko asubira ku murwa mukuru, Paris.

Mu gihe hasigaye imisi ibiri ngw’amatora abe, ibice mirongo itandatu n’umunani kw’ijana gusa vy’ababajijwe nibo batangaje ko bazoja gutora ata nkeka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG