Uko wahagera

USA: Trump Arahayagiza Itegeko Rishasha Ryerekeye Ubuvuzi


Perezida Donald Trump akikujwe n'abashingamateka b'abarepublika imbere y'ingoro yiwe, Maison Blance
Perezida Donald Trump akikujwe n'abashingamateka b'abarepublika imbere y'ingoro yiwe, Maison Blance

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yatangaje kw’itegeko ritegekanya uburyo abanyamerika bivuza ryasizweko na Barack Obama yahoze ari prezida, rizwi kw’izina rya, “Obamacare”, imisi yaryo yarangiye. Ivyo yabitangaje inyuma yuko inama nshingamateka itoye itegeko rishasha ryateguwe n’abashingamateka b’abarepublika risubirira iryahahora.

Perezi Trump yahimbaje intsinzi yiwe ya mbere ikomeye hanze y’ingoro yiwe, Maison Blanche, akikujwe n’abashingamateka batari bake b’abarepublika batoye kwiyamiriza n’ugusubiriza itegeko ritegekanya uburyo abanyamerika bivuza ryari rizwi kw’izina rya, Obamacare.

Perezida Trump yatangaje kw’abashingamateka baritoye babigize ku neza y’igihugu, ko batabigize ku nyungu y’umugambwe wabo. Yamenyesheje kw’iryo tegeko ritunganijwe neza cane. Yatangaje ko yizeye kw’inama nkenguzamateka izoryemeza.

Iryo tegeko rishasha ritegekanya uburyo abanyamerika bivuza ryemejwe n’amajwi 217 ku majwi 213. Nta mudemokarate numwe yaritoye, hamwe n’abarepublika mirongo ibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG