Uko wahagera

Abahinga Basuzuma uko Afurika Yakwikwiza


Abahinga mw’ikoraniro mpuzamungu ku butunzi mu karere ka Afurika muri iyi ndwi, mu gisagara ca Durban mu gihugu ca Afurika y’epfo batangaza kw’ivyerekeye ukwikwiza mu bijanye n’ibifungurwa kizoba kimwe mu bibazo bikomeye bizoganirwa. Ivyo mu ntumbero y’uguteza imbere akarere ka Afurika mu vyerekeye ubutunzi.

Ikoraniro mpuzamakungu ku butunzi mu karere ka Afurika rizoshimikira ku vyerekeye gufasha abarimyi bafise ubuhinga bushasha gushobora gushorera ivyimburwa vyabo mu masoko akomeye.

Paul Makube yanosoye ivyerekeye ubutunzi bufatiye ku burimyi, akaba akora mw’ibaki, First National Bank, muri Afurika y’epfo, yabwiye Ijwi rya Amerika ko kugira imirimo y’ubudandaji itere imbere, bikenewe kw’umwimbu uguma uboneka mu ntara zitandukanye zo mu karere ko muri Afurika yo mu bumanuko no mu karere kose ka Afurika muri rusangi.

Abahinga mu vy’ubutunzi n’uburimyi bavuga kw’ibibazo vy’ibifungurwa bihari muri iki gihe mu karere ka Afrika bidaterwa gusa n’uruzuba rwageramiye bikomeye ibice bitari bike vy'umugabane.

Bamenyesha kw’uruzuba n’intamabara zikomeye muri Afrika vyatumye abantu imiliyoni n’imiliyoni basinzikazwa n’inzara muri Somaliya, Sudani yo mu bumanuko n’akarere kegereye ikiyaga Cadi.

Yamara abahinga bavuga ko hari ibibazo bikomeye ku bijanye n’uburyo uburimyi butegekanijwe muri Afurika.

Babona hakwiriye kwongereza imitahe y’abikorera ku giti cabo mu burimyi, mu gushiraho ubuhinga bushasha buzotuma ivyimburwa bivuye mu burimyi bishobora gushika ku masoko, abarimyi bakahakura inyungu ziboneka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG