Uko wahagera

Barack Obama Ashyigikiye Macron mu matora y'Abafaransa


Emmanuel Macron wo mu mugambwe En Marche mu Bufaransa.

Barack Obama yahoze ari perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yamenyesheje kw’ashigikiye Emmanuel Macron mu matora ya perezida mu Bufaransa. Ivyo biri muri videwo umuhari wiwe, En Marche, washikirije ku musi wa kane ku mbuga ngurukanabumenyi. Ayo matora ateganijwe ku musi wa mungu

Obama yatangaje kw’ashaka kw’abantu bamenya kw’ashigikiye Emmanuel Macron. Yamenyesheje kw’incuro ya kabiri y’amatora hagati y’abakandida, Macron na Marine Le Pen, ari ikintu gihambaye cane kuri kazoza k’Ubufaransa n’imico ibihugu bigendera kuri demokrasi bishira imbere.

Abakandida bombi, Macron wo mu muhari En Marche, na Le Pen wo muri Front National, barahanganye ejo ku musi wa gatatu kuri televiziyo mu mpari zamaze ikiringo c’amasaha abiri. Bateranye amajambo akomeye.

Marine Le Pen yavuze ko Macron akorera abakire kandi ari mu kwaha kw’abanyepolitike bahari muri iki gihe mu Bufransa, kandi kw’ata nguvu afise ku bijanye n’ukurwanya iterabwoba.

Emmanuel Macron nawe yavuze ko Le Pen ari umubeshi kandi afise ivyiyumviro vy’intagondwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG