Uko wahagera

Mali: Igitero c'Abiyahuzi Cahitanye Umusirikare wa ONU


FILE - French soldiers are seen securing an area near Gao, northern Mali, Feb.10, 2013.

Umuntu umwe yapfuye abandi cenda barakomerekera mu gitero cikekwa ko coba cakowe n’umuhari wa Reta ya Kisilamu, kur’uyu wa gatatu, mw’ikambi ry’inteko za ONU ziri mu gihugu ca Mali.

Uwo yahitanywe n’ico gitero ntaramenyekana igihugu aturukamwo. Nayo mu bakomeretse harimwo umusirikare aturuka mu gihugu ca Suede, hamwe n’abaturuka muri Libiya. Gushik’ubu nta mugwi uriyitirira ico gitero. Yamara umugwi wa ONU umenyesha ko car’igitero c’iterabwoba.

Umuhari Al-Qaida wari wakoze igitero kur’ico kigo, mu mwaka uheze w’ibihumbi bibiri na cumi na gatandatu. Inteko zijejwe amahoro n’umutekano za ONU, co kimwe n’abasirikare baturuka mu gihugu c’Ubufaransa basanzwe bari muri Mali mu gikorwa co gutuza abagwanyi ba nyuma basigaye m’uburaruko bwa Mali.

Yamara buhorobuhoro, abo bagwanyi barasubiye kwigarurira ako karere, mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na kabiri. Abo bagwanyi bakaba kandi barashwiragiye no m’ubumanuko bwa Mali, mu karere Igihugu ca Mali gihana umupaka n’igihugu ca Burkina Faso.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG