Uko wahagera

Somaliya: Umushikiranganji w'Ibikorwa vya Reta Yishwe


Somaliya kw'ikarata
Somaliya kw'ikarata

Umushikiranganji ajejwe ibikorwa vya Reta muri Somaliya, Abbad Abdullahi Sheikh Siraji yishwe arashwe hafi y’ikirimba ca perezida wa Somaliya ku murwa mukuru, Mogadisho.

Vyemejwe ko Abbas Abdullai Sheikh Siraji yapfuye inyuma y’ukurasana kwabaye hafi y’ikirimba ca perezida wa Somaliya uno musi ku wa gatatu.

Umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru, Abdirahman Omar Osman yemeje urupfu rwa Siraji ku rubuga Twitter. Yamenyesheje kw’itohoza ririko riraba.

Siraji niwe mushikiranganji yari akiri muro cane mu myaka muri Reta. Yari mu mpunzi za mbere z’abasomali bagarutse muri Somaliya mu mwaka uheze zivuye mw’ikambi y’impunzi ya Dadaab iri mu gihugu ca Kenya

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG