Uko wahagera

Cote d'Ivoire Izohereza Abasilikari muri Mali


Igisirikare c’igihugu ca Cote d’Ivoire kizorungika, mu buzoba bubaye ubwa mbere, abasirikare ijana na mirongo itanu mu gihugu ca Mali kwifadikanya n’inteko z’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, Minusma mu gisagara ca Topmbouctou mu buraruko bw’igihugu. Ivyo vyatangajwe uno musi ku wa gatatu na Jenerali Toure Sekou, ayoboye igisirikare ca Cote d’Ivoire.

Jenerali Toure Sekou avuga kw’ari ukwiyemeza gukomeye kubera ar’ubwa mbere igihugu ciwe kirungika abasirikare bajejwe kurwana muri Mali.

Mu bihe vyahise, igihugu ca Cote d’Ivoire cigeze kuba gifise uruhara n’igihagararo gikomeye mu karere ko muri Afrika yo mu burengero.

Yamara ico gihugu kiriko kiva mu kiringo c’imyaka itari mike y’uruhagarara rwa politike. Yamara ico gihugu gishaka gusubira kugira uruhara rukomeye mu karere ko muri Afrika yo mu burengero.

Jenerali Toure Sekou avuga kw’ugukorera hamwe kw’amakungu gukenewe cane muri iki gihe kubera ibibazo vy’iterabwoba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG