Uko wahagera

Aisha Buhari Ahumuriza Abibaza ku Mugabo Wiwe


Aisha Buhari, umugore wa Perezida Buhari wa Nijeriya

Umutambukanyi wa perezida w’igihugu ca Nijeriya yavuze ku magara y’umugabo wiwe, Muhammadu Buhari. Aisha Buhari yatangaje kw’amagara y'umugabo wiwe atameze nabi cane nkuko abantu bavyibaza. Ivyo yabitangaje mu kwishura ku kamo katewe n’abantu batari bake kuko yofata akaruhuko k’uburwayi.

Mu butumwa yashikirije ku rubuga, Twitter, Aisha Buhari yatangaje ku muhingamo w’ejo ku musi wa kabiri kw’umugabo wiwe abandanya kurangura amabanga yiwe y’umukuru w’igihugu. Ivyo n’inyuma yuko adaserutse incuro zitari nke mu nama y’abashikiranganji ba reta.

Perezida Buhari, muri iki gihe afise imyaka mirongo irindwi n’ine, yatahutse mu gihugu ciwe mu ntango z’ukwezi kwa gatatu inyuma yuko amaze amayinga umunani i Londres, mu Bwongereza kwivuza indwara itatangajwe.

Icegera ciwe, Yemi Osinbajo, yaramusubiriye vy’agateganyo mu mabanga ya perezida igihe Buhari yari i Londres, hisunzwe ibwirizwa shingiro ry’igihugu ca Nijeriya.

Perezida Buhari ntiyaserutse mu nama zibiri zirangiye z’abashikiranganji bagize reta yiwe. Ntiyagiye kandi mu bisabisho mu musigiti ku musi wa gatanu uheze, canke mu bugeni bw’umwe mu buzukuru wiwe ku musi wa gatandatu urangiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG