Uko wahagera

Perezida Poutine Asaba Agahengwe muri Siriya


Prezida Vladimir Poutine w'Uburusiya
Prezida Vladimir Poutine w'Uburusiya

Perezida Vladimir Poutine w’Uburusiya yamiriye kure, kur’uyu wa kabiri, ibirego bivuga ko Uburusiya bwagize uruhara mu matora y’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu mwaka uheze. Porezida Poutine avuga ko ivyo birego ar’ibihuha bikoreshwa muri Amerika, kubera inyungu za politike.

Ivyo Poutine yavyiyamiririje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, cabereye m’Uburusiya, ahejeje kubonana na Chanceliere Angela Merkel w’Ubudagi. Abo bategetsi baganiriye ku bijanye n’intambara iri muri Siriya hamwe n’uburyo Uburusiya bubandanya kwigenza kuri Ukraine. Uwo mubonano ntiwari woroshe, bivuye ko ivyo bibazo basanzwe batabihurizako.

Naho biruko, abo bategetsi bompi bavuga ko bashigikiye ibiganiro muri Ukraine. Nayo ku bijanye na Siriya, Merkel avuga ko Uburusiya bufise uruhara rukomeye mu ntambara iri mur’ico gihugu.

Kur’uyu wa kabiri, Perezida Poutine akaba yaciye atera akamo ko gutanga agahengwe k’intambara. Ibiganiro hagati y’imigwi y’abagwanyi na Reta ya Siriya bikaza gusubira gutangura kur’uyu wa gatatu, k’umugwa mukuru wa Astana, I Kazakhstan.

Mur’ico kiganiro kandi Merkel yabwiye abamenyeshamakuru ko adatinanya Uburusiya, mu gihe bwokwivanga mu matora yo m’Ubudagi, ategekanijwe kuba mur’uyu mwaka. Avuga ko yiteguye kuzohangana n’abo bahiganwa, yisunze ivyo yemera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG