Uko wahagera

Ikiziga c’Umwamwi Mwambutsa Kizogumizwa mu Buswisi


Imyaka mirongo ine inyuma y'aho umwami Mwambutsa wa kane, atangiye mu gihugu c’Ubuswise, ubutungane mur' ico gihugu bwafashe ingingo ntabanduka ivuga kw' ikiziga ciwe, kizoguma gishinguwe ahitwa, Meyrin, hafi y’igisagara ca Geneve.

Sentare nkuru yo mu Busuwisi yemeje ingingo ya sentare yo mu gisagara ca Geneve, yari yumvirije mu mwaka w’i 2016 urubanza rufatiye ku matati hagati y’umuryango wiwe.

Mwambutsa Bangiricenge, yakuwe ku ngoma mu mwaka w’i 1966 inyuma y' imyaka mirongo itanu yaramaze ku ngoma, aca ahungira mu gihugu c’Ubuswisi, aho yatangiye mu mwaka w’i 1977.

Mu rwandiko rwiwe rw’ukuraga, yari yashatse kw’ikiziga ciwe kidasubizwa mu Burundi uko vyari kugenda kwose.

Mu mwaka w’i 2012, ibisigarira vyiwe vyari vyakuwe ku ntatemwa yiwe, bisabwe n’umwe mu bakobwa biwe hamwe na Reta y’Uburundi, kugira bisubizwe mu gihugu.

Uburundi yipfuza gutegura ishingurwa ryiwe ku rwego rw’igihugu. Yamara umwishwa wiwe yari yarwanije ico ciyumviro.

Sentare yo muri canton y’igisagara ca Geneve yari yashigikiye umwishwa wiwe mu ngingo yari yafashe mu kwezi kw’icumi kw’umwaka uheze.

Mu gihe cose abagize umuryango w’umwami Mwambutsa wa kane, bariko baraburana muri sentare, ikiziga ciwe cagumye mu kibanza kirimwo ubukonje babikamwo vy’agateganyo ibiziga vy’abantu mu gisagara ca Geneve.

Sentare nkuru y’Ubuswise yariyamirije iyunguruzwa ry’ububanza ryagizwe n’umukobwa wiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG