Uko wahagera

Gerenade Zakomerekeje Batatu muri Bubanza


Abantu batatu baraye bakomerekejwe n’amagerenade mw’ijoro ryo kur’uyu wa mbere ku mitumba ibiri y’amakomine ya Musigati na Rugazi turi mu ntara ya Bubanza. Ivyo vyemezwa n’abasitanteri b’ayo makomine.

Nduwimana Jean Bosco arongoye komine Musigati avuga ko abantu batamenyekanye bateye gerenade mu rugo rwo ku mutumba Mugoma wa zone Muyebe. Uwo mutegetsi avuga ko iyo gerenade ataco yononye, kuko abo bagizi ba nabi bayiteye mu cumba c’uburyamo mu gihe abakiraramwo bari bagiteramye mu cumba c’uburiro.

Gerenade ya kabiri yatewe kur’uwo mutumba nyene iroreshwa ku banyagihugu bari baje gutabara bari kumwe n’abapolisi ikomeretsa abanyagihugu batatu ; nk’uko bivugwa kandi na musitanteri wa komine Musigati.

Gerenade ya gatatu yatewe muri komine Rugazi ku rugo rw’umukuru w’umutumba Rugazi nk’uko musitanteri wa komine Rugazi avyemeza. Umupfasoni Nizigama Sylvie avuga ko ataco yononye.

Naho ayo magerenade yaraye atewe mu makomine ya Rugazi na Musigati, Buramatari w’intara ya Bubanza Tharcisse Niyongabo avuga ko umutekano wifashe neza muri rusangi. Ivyo yabivugiye mu nama y’umutekano yo kur’uno wa kabiri yabereye muri komine Mpanda y’intara ya Bubanza nyene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG