Uko wahagera

Igabishwa ku Bindi Bitero vy'Iterabwoba mu Burayi


Inyubakwa ya Deparitoma ya Leta y'Amerika mu gisagara ca Washington, DC.
Inyubakwa ya Deparitoma ya Leta y'Amerika mu gisagara ca Washington, DC.

Reta zunze ubumwe z’Amerika yagabishije abagira ingendo ko habandanya haboneka ibimenyetso vy’ibindi bitero vy’iterabwoba bishobora kuba k’umugabane wa Burayi.

Deparitema ya reta y’Amerika ivuga ko iryo gabisha, rizoherana n’italiki imwe z’ukwezi kw’icenda, kandi yisunze kubitero biheruka kuba m’Ubufaransa, Uburusiya, Ubuswede n’Ubwongereza, vyerekana ko imihari y’iterabwoba ya reta ya kiyisilamu, al-Qaida n’iyindi ishobora kugaba ibindi bitero.

Abanyamerika basabwa kwama bameze magabo kuko intagondwa zishobora kugaba ibitero nk’ivyo umwanya uwariwo wose atagabishwa ribaye.

Iryo tangazo rivuga kandi ko ibibanza bihurumbirwa na bamukerarugendo, ibibanza bihuriramwo abiyunguruza benshi, amasoko hamwe n’inyubakwa za reta arivyo bishobora guterwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG