Uko wahagera

USA: Prezida Trump Aripfuza Guhura na Kim Jong Un


Perezida wa Amerika, Donald Trump
Perezida wa Amerika, Donald Trump

Imisi mikeyi inyuma yuko Amerika iriko yiyumvira gukoresha uburyo bwose bwa gisirikare ku vyerekeye Koreya ya ruguru, perezida Donald Trump yatangaje kur'uyu wa mbere, ko yiteguriye kubonana n’umutegetsi wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un.

Ivyo bibaye mu gihe Koreya ya ruguru ibandanya kugerageza misile balistike kandi bivurwa ko yiteguriye kugerageza ikirwanisho ruhonyanganda, mu buzoba bubaye ubugira gatandatu.

Perezida Trump yamenyesheje ko hamwe vyoba bikwiriye kw’abonana na Kim Jong Un, ata kibazo yobibonamwo. Avuga ko ryoba ar’iteka kuriwe kubonana nawe.

Mu kiganiro ca televiziyo cashikirijwe ku musi w’Imana kuri programa ya Televiziyo, CBS, “Face the Nation”, Perezida Trump yavuze kandi ko yemera Kim Jong Un, kubona yarashoboye gutsimbataza ubutegetsi bwiwe yasigiwe na se wiwe ari mu myaka ya mirongo ibiri gusa.

Umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru, Sean Spicer avabijwe kuvyatangajwe na Trump yavuze ko Trump yumva ibibazo Koreya ya ruguru iteye. Avuga kw’azokora ibishoboka vyose kugira akingire Amerika ibibazo Koreya ishobora gutera.

Ku vyerekeye ukubonana hagati ya Perezida Trump na Kim Jong Un, Spicer avuga kw’ari ibigaragara kw’ivyo bidashoboka umuntu aravye uko ibintu bimeze muri iki gihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG