Uko wahagera

Perezida Zuma Yabujijwe Gufata Ijambo


Perezida Jacob Zuma wari witabiriye ikoraniro rya COSATU ku musi mukuru w'umurimo n'abakozi

Perezida w’igihugu ca Afurika y’epfo, Jacob Zuma yategerejwe kuva giturumbuka, uno musi ku wa mbere, mw’ikoraniro ryari rigenewe guhimbaza umusi wahariwe akazi kw’isi. Ivyo vyabaye inyuma yuko abari muri iryo koraniro bamukomeye akaruru.

Perezida Zuma yari yiteguriye gushikiriza ijambo mu gisagara ca Bloemfontein, hagati mu gihugu, mw’ikoraniro ryari ryateguwe n’ishirahamwe ry’abakozi rikomeye cane muri Afurika y’epfo, COSATU. Ico gihe, abari mu myiyerekano batangura indirimbo zimwiyamiriza.

Abateguye iryo koraniro baciye barihagarika buno nyene. Nta wumdi muntu n’umwe yarekuriwe gufata ijambo imbere y’abantu isinzi bari baririmwo.

Amasanamu ya televiziyo yerekanye Perezida Zuma ariko ava aho iryo koraniro ryariko ribera aherekejwe n’imodoka zari zicungewe bikomeye. Habaye ugutana mu mitwe hagati y’abiyamiriza Zuma n’abamushigikiye.

Perezida Zuma yagirizwa kw’asahura amafranga ya Reta. Ahanganye n’ishavu ritera ryiyongera ry’abanyagihugu haraheze amezi atari make.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG