Uko wahagera

Tony Blair Ashaka Kugaruka muri Politike


Tony Blair yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza
Tony Blair yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza

Tony Blair yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza yatangaje uno musi ku wa mbere ko agiye kugaruka muri politike. Arifuza gushikiriza ivyiyumviro vyiwe ku ngingo y’igihugu ciwe y’ukuva mu muryango w’ibihugu vy’i Bulaya.

Yamara aremera kw’intererano yiwe ishobora kutakirwa neza kubera hari abantu batamukunda mu gihugu.

Tony Blair ntazokwitoza mu matora yo kw’italiki umunani z’ukwezi kwa gatandatu. Yamara yamenyesheje kw’ashaka gufasha mu mpari mu gihe Ubwongereza bwiteguriye gutangura ibiganiro vy’ukuva mu muryango w’ibihugu vy’i Bulaya.

Tony Blair yatsinze amatora incuro zitatu igihe yari umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza. Yaranguye amabangamu kiringo cy'imyaka icumi, kuva mu mwaka w’i 1997 gushika mu mwaka w’i 2007.

Yamara imyaka yiwe ya nyuma mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere yaranzwe n’ingingo yiwe y’ukwifatanya na Reta zunze ubumwe za Amerika mu gutera igihugu ca Iraki mu mwaka w’i 2003. Iyo ngingo yaragize ingaruka kw’iragi ryiwe mu vya politike.

Tony Blair avuga kw’ico ashaka gushikako atari kurwanya Referandumu yabaye mu mwaka uheze mu Bwongereza, ku vyerekeye kuva mu muryango w’ibihugu vy’i Bulaya, ko yamara ashaka kugira zico avuze uri iyo ngingo kubera akunda igihugu ciwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG