Uko wahagera

Uburundi Bwahimbaje Umusi Wahariwe Abakozi n'Akazi.


Uburundi bwifadikanije n'amakungu mu guhimbaza umusi wahariwe abakozi n'akazi. Ku rwego rw'igihugu, ibirori vyabereye mu ntara ya Makamba iri mu bumanuko.

Celestin Nsavyimana, icegera c’uwutwara urunani mpuzamasendika, COSYBU yavuze ko har'ibintu vyinshi urwo runani rushima Reta imaze gushira mu ngiro.

Uturorero yatanze n’igenwa ry’umugwi w’igihugu wo kuganiriramwo ibibazo n’ingorane hagati ya Leta, abakoresha n’abakozi hamwe n’umugambi w’igihugu wo kugwiza akazi.

Mw'ijambo ryiwe, Perezida Pierre Nkurunziza avuga ko Reta arongoye ibafitiye imigambi ya hafi.
Urunani COSYBU runasaba ko itangwa ry’akazi ryoreka gukorerwa mu gifuri. Ivy'ugukorera ku mugaragaro na Perezida Nkurunziza yabihanuye abarundi bakorera mu bisata bitandukanye.

Nkuko vyama ku musi nk’uwu umukuru w’igihugu yatanze ubushimwe ku bantu n’ibisata bakoze neza kurusha abandi.

Abaronkejwe udushimwe harimwo ubushikiranganji bw’umutekano, komine ya Gihanga iri mu ntara ya Bubanza mu burenegro bw’Uburundi, abantu bakoze ibikorwa vy’iterambere ku giti cabo, umumenyeshamakuru w’iradiyo na televiziyo vy’igihugu, umwe mu bakozi bamaze igihe kirekire bakora mu biro vy’umukuru w’igihugu n’umwe mu bana bo mu muryango wa Perezida Nkurunziza ubwiwe.

Ubushikiranganji bw’umutekano bwaheruka gushimirwa na kizigenza nk’ubwakoze neza kurusha ubundi mu mwaka w’i 2013.

Eloge Willy Kaneza, Bujumbura, Ijwi ry’Amerika:

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:12 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG