Uko wahagera

Abarongoye Amadini muri Misiri Bipfuza Amahoro


Papa Francisiko arikumwe n'abarongoye amadini muri Misiri.

Indongozi z’abayisilamu n’abakristu bari bakoraniye muri Misiri mu nama mpuzamakungu y’amahoro mur’iyi ndwi irangiye baramiriye kure abakora iterabwoba bikitse inyuma y’idini.

Papa Fransisiko m’urugendo rw’amasaha 27 yamaze mur’ico gihugu yaraharonkeye akaryo ko kugira ico ashikirije mur’iyo nama, aho yabwiye abo bakuru b’amadini ko bafise uruhara runini mukwigisha amahoro.

Ako kamo ko guharanira amahoro gatewe mugihe reta ya Misiri igeramiwe n’ibikorwa vy’iterabwoba bitera vyiyongera mw’izinga rya Sinai.

Imihari itari mike y’abarwanyi, irimwo iyiyitirira umuhari w’iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu niyo igenzura ikirere kitari gito c’iyo ntara ya Sinai, ihana urubibe n’intara ya Gaza na Isirayeli, kandi ifise intwaro yisangije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG