Uko wahagera

Gutumira Duterte muri Amerika Biteye Impari


Perezida wa Philippine, Rodrigo Duterte ashikiriza ijambo abasirikare biwe mugihe bibuka imyaka 120 igisirikare kimaze kibayeho
Perezida wa Philippine, Rodrigo Duterte ashikiriza ijambo abasirikare biwe mugihe bibuka imyaka 120 igisirikare kimaze kibayeho

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika k’umusi wa gatandatu yaraterefonye atumira mugenzi we wa Philippine Rodrigo Duterte kuzogendera Amerika.

Mugihe amakungu yiyamiriza Duterte, kubwicanyi akorera abadandaza ibiyayura mutwe mugihugu ciwe, ibiro vya Perezida, bivuga ko ivyo ari bito ugereranije no kwiyegereza abagenzi mukarere ka Aziya bumva kumwe ikibazo ca Koreya ya ruguru.

Ivyo biro bibandanya bivuga ko kuba abantu baba beza canke babi sivyo biza imbere, igikomeye n’uko twumva kumwe ibiriko bibera muri Koreya ya ruguru.

Ni mugihe m’umwaka uheze, Ban Ki-moon yahoze arongoye ONU yavuze ko Duterte akora ubwicanyi ndengerabutungane kandi abangamiye ubuzima bwa kiremwa muntu, aho amaze kwirahira abarenga 6000 bagirizwa kudangaza ibiyayuramutwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG