Uko wahagera

Cuba: Abasirikare 8 Baguye mu Ndege Yakorotse


Indege yo m'ubwoko AN-26 ya Cuba, yakorotse

Muri Cuba, abasirikare umunani bapfiriye mu ndege y’igisirikare yakorotse kur’uyu wa gatandatu. Itangazo ryasohowe n’igisirikare, rivuga ko iyo ndege yo mu bwoko bwa AN-26 yakorotse ivuye ku kibuga c’indege ca Playa Baracoa, mu gitondo co kur’uyu wa gatandatu.

Iyo ndege yaguye k’umusozi uri ku birometero mirongo itandatu na bitanu, m’ubumanuko bushira uburengero bwa Havana, k’umugwa mukuru wa Cuba. Nta vyinshi vyatangajwe ku bijanye n’icateye iyo mpanuka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG