Uko wahagera

Somaliya: Umushingamateka Muhamud Abukate Yarusimvye


Somaliya kw'ikarata

Mohamud Abukate, ari mu nama nshingamateka ya Somaliya yarusimvye uno musi ku wa gatanu igihe bobe yari yatezwe ku ruhande rw’ibarabara yari igenewe imodoka yiwe yaturika ku murwa mukuru, Mogadisho.

Abasirikare babiri bari kumwe nawe mu modoka yiwe bakomeretse igihe iyo bombe yaturika.

Abategetsi bajejwe umutekano bavuga kw’uwo mushingamateka yari agiye mu kibanza citwa Hodan ku murwa mukuru, Mogadisho.

Abategetsi bajejwe iperereza bo muri Somaliya batangaje muri iyi ndwi ko baronse amakuru avuga kw’umurwi al-Shabab ushobora kuba uriko utegaura ibitero ku bategetsi bakomeye ba Somaliya n’inyubakwa za Reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG