Uko wahagera

Papa Faransisiko Yageze muri Misiri


Papa Francisiko atanga ubutumwa bwiswe Urbi et Orbi i St. Peter's Basilica, i Vaticano

Papa Francisiko, umwungere wa Ekleziya Katolika yageze I Kayiro k’umurwa mukuru wa Misiri kur’uyu wa gatanu murugendo rwa mbere mur’ico gihugu. Ni mugihe har’ubwoba mu miryango y’abakristu inyuma y’indwi zitatu ziheze hagaye y’igitero c’intagondwa z’abayisilamu cahitanye abashika 45.

Ategekanya kubonana na perezida Abdel Fattah al-Sissi, papa w’aba orthodoxe Tawadros II, hamwe na imamu mukuru w’abayisilamu bo mubwoko bw’aba sunite d'Al-Azhar Ahmed al-Tayeb.

Urwo rugendo rurahambaye mumigenderanire hagati ya Al-Azhar na Vatikano, imigenderanire yahungabanye m’umwaka w’2006 aho Papa Benedigito XVI yagereranije idini ry’abayisilamu n’ubwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG