Uko wahagera

Imirima y’Ibigori Yatewe n’Impongwa mu Burundi


Umwimbu w’ibiharage ni mwiza muri kino gihe c’impeshi mu duce tutari duke tw’intara ya Bubanza.

Ivyo bivugwa n’umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Bubanza ajejwe ibibazo vy’ubutunzi.

Jean Baptiste Niyonzima avuga ko umwimbu w’uno mwaka bawukesha imvura yaguye agereranije n’agatasi habonetse uruzuba rwatumye abanya Bubanza batimbura.

Mu gihe umwimbu w’ibiterwa bitari bike ari mwiza mu ntara ya Bubanza, uw’ibigori wo ntuzoba mwiza. Abakora mu gisata c’uburimyi n’ubworozi i Bubanza bagasigura ko imirima y’ibigori yatewe n’udukoko twitwa impongwa.

Bamwe mu banya Bubanza bamaze gutangura kwimbura cane cane ibiharage, nabo nyene babwiye Ijwi ry’Amerika ko umwimbu w’impeshi ari mwiza.

Ariko iruhande y’abo hari abandi bavuga ko umwimbu ubayabaye. Nk’abo mu kiyaya ca komine Gihanga bavuga ko imvura yaguye ari nyinshi yononye indimo zitari nke.

Abariko barimbura umwimbu w’ibiharage muri kino gihe basabwa kutamarira umwimbu w’abo mu masoko kugira ntibazobure ico bagaburira imiryango mu gihe c’ici.

Umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Bubanza ajejwe ibibazo vy’ubutunzi, avuga ko hariko hubakwa ibigega rusangi abanya Bubanza bahamarirwa kuziganyamwo umwimbu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG