Uko wahagera

Impari Hagati y'Uburusiya n'Ibihugu vya Buraya


Igihugu c’Uburusiya n’ibihugu vya Buraya vyahanganye mu nama yabereye I Moscou, m’Uburusiya, ku bijanye n’umutekano k’umugabane wa Buraya, mu bihugu vy’abarabu no muri Aziya. Iyo nama yari iramutse yihweza ibijanye n’uburyo ibintu vyifashe muri Siriya, hamwe no kwagura ishirahamwe rijejwe umutekano, OTAN.

Mur’iyo nama yar’imaze iminsi ibiri, Serguei Lavrov, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu yagabishije ku bijanye n’iterabwoba ritera ryiyongera, hamwe n’intureka mw’isi yose. Inyuma y’amasaha make, Lavrov abonanye n’umushikiranji wo kwivuna abansi wa Israyeli, Israyeli yaciye itera za missile k’ububiko bw’ibigwanisho vya Irani, bwikekwa ko bushobora kuba ar’ubw’umuhari Damas.

Umuhinga Alexey Malashenko, avuga ko ivyo bitero ar’ivyerekana ko imigenderanire itifashe neza hagati y’Uburusiya, Israyeli na Irani. Nayo ku bijanye n’imigenderanire iri hagati y’Uburusiya na OTAN, umuhinga Petr Topychkanov avuga ko bisa n’uko ata kwizerana kukiri hagati y’izo mpande ukw’ari zibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG