Uko wahagera

Ghana: Abanyamitahe Barishimiye Reta


Ghana kw'ikarata

Umushikiranganji ajejwe ikigega w’igihugu ca Ghana, Mahamudu Bawumia avuga kw’abanyamitahe bishimiye amanama bagiranye n’abategetsi bakomeye ba Reta baherekeje icegera ca perezida, Muhamudu Bawumia mu nama zo mu gihe c’ici z’ibanki y’isi yose i Washington.

Mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika, Muhamudu Bawumia avuga kw’abanyamitahe bizeye abantu bazi ico bakora kandi bashaka guteza imbere igihugu ca Ghana.

Yongeye kandi avuga ko kubera Reta nshasha ihari mu gihugu ca Ghana muri iki gihe, amakungu yiteguriye kubona Ghana isubira kubera akarorero akarere ko mu burengero bwa Afrika karangwa n’umutekano.

Yamara bamwe mu baserukira inyungu z’abanyagihugu n’abatavuga rumwe na Reta bavuga ko Reta nshasha yotegerezwa gutangura gukura amaboko mu mpuzu ikarangura ningoga ivyo yemereye abanyagihugu. Batangaza kw’abanyagihugu bayihaye icizere mu kwiyamiriza Reta y’imbere yaho kubera yananiwe n’ugutuma ubuzima bw’abanyagihugu bwisununura kurushiriza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG