Uko wahagera

Uwukekwaho Iterabwoba Yafashwe i Londres


Abapolisi bari ahafatiwe uwagirizwa iterabwoba i Whitehall i Londres.
Abapolisi bari ahafatiwe uwagirizwa iterabwoba i Whitehall i Londres.

Igipolisi c’I Londres k’umurwa mukuru w’Ubwongereza cahagaritse umugabo akekwa kugira iterabwoba kuko yar’afise ibirwanisho hafi y’ibiro vy’inama nshingamateka n’inyubakwa ibamwo umushikiranganji wa mbere, Theresa May.

Igipolisi cashikirije ko cafatanye uwo mugabo ari mu myaka 20 imbugita kandi atacahungabanije umutekano w’abanyagihugu.

Umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere yatangaje ko May atari murugo rwiwe igihe ivyo vyaba.

Umutekano warakomejwe mur’ico gice, inyuma y’aho uwundi mugabo yishe abantu bane kw’italiki ya 22 ukwezi kwa gatatu abagonze n’imodoka. Ico gihe yaciye yicwa n’igipolisi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG