Uko wahagera

Ubwicanyi Bwahitanye Abantu 20 mu Ntara ya Kasai


Intara ya Ksai muri Kongo

Abantu mirongo ibiri barapfuye mu ndwi iheze mu gutana mu mitwe gufatiye ku bwoko kwabereye mu ntara ya Kasai muri Republika iharanira democrasi ya Kongo.

Ibiro vw’ishirahamwe ONU muri Kongo, MONUSCO, vyamenyesheje mw’itangazo, kw’ugutana mu mitwe kwabaye kw’italiki cumi n’icenda z’uku kwezi. Byabereye mu buseruko bw’umurwa mukuru w’intara ya Kasai, Tshikapa, hagati y’abo mu bwoko bw’aba Lulua-Luba n’aba Chowe-Pende. Abo mu bwoko bw’aba Chowe-Pende mirongo ibiri barahasize ubuzima.

Aba Chowe-Pende babona kw’aribo bakavukire mu ntara ya Kasai. Bagiriza ana Lulua-Luba ko bashigikiye abarwanyi bazwi kw’izina rya Kamwina Nsapu.

Intara ya Kasai yarageramiwe n’uruhagarara n’ubwicanyi kuva mu mwaka w’i 2016 bivuye ku gutana mu mitwe hagati y’inteko za Reta n’abarwanyi bazwi kw’izina rya Kamwina Nsapu. Abantu bagera kw’ijana barahasize ubuzima muri ukwo gutana mu mitwe, harimwo abahinga babiri b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, umunyamerika, Michael Sharp n’umuswedakazi Zaida Catalan.

Abarwanya ubutegetsi bazwi kw’izina rya Kamwina Nsapu bagirijwe n’ishirahamwe ONU ku bwicanyi bukabije butari buke n’ukwinjiza abana mu murwi wabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG