Uko wahagera

Michel Kafando Yagizwe Intumwa ya ONU mu Burundi


Intumwa nshasha idasanzwe ya ONU mu Burundi
Intumwa nshasha idasanzwe ya ONU mu Burundi

Reta y’Uburundi yemeye icipfuzo c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU co kugena Michel Kafando, ngo abe umuhanuzi wiwe mushasha adasanzwe m’Uburundi.

Alain Diomède Nzeyimana, icegera c’umuvugizi wa Perezida Nkurunziza, avuga ko ibiro vya perezida vyaronse urwete rw’umunyamabanga wa ONU rugena Michel Kafando, yahoze arongoye reta mfatakibanza ya Burkina Faso. Asubiriye Jamal Benomar, mugutorera umuti uruhagarara m’Uburundi.

Nzeyimana amenyesha ariko ko reta itararonka urwete nyezina rwemeza iryo genwa ariko ko yatanze uburenganzira kw’igenwa rya Michel Kafando. Yagize ati "Reta ntishobora kwanka igenwa ry’uwo muntu. Ni inzobere muvya dipolomasiya n’imigenderanire mpuzamakungu. Twizeye ko azokora igikorwa ciwe neza".

Tatien Sibomana umwe mu banyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi m’Uburundi avuga ko yakiriye neza igenwa rya Kafando kuba intumwa idasanzwe ya ONU.

Abandanya avuga ko kubona abanyagihugu ba Burkina faso baramwizeye ngo arongore reta mfatakibanza inyuma y’aho Perezida Blaise Compaore ahungiye igihugu vyerekana ko ar’uwo kwizigira.

Ariko avuga ko afise amakenga ko nawe azohura n’ingorane z’uwo agiye kuzosubirira

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG