Uko wahagera

Papa Aragendera Misiri kur'uyu wa Gatanu


Papa Fransisiko, mw'ihimbazwa rya Pasika, i Vatikano
Papa Fransisiko, mw'ihimbazwa rya Pasika, i Vatikano

Urugendo rwa Papa Fransisiko bitegekanijwe ko rutangura kuri uyu wa gatanu, rubaye mu gihe abakristu bageramiwe haba muri Misiri canke mu bindi bihugu vyo mu karere ko mu buseruko bwo hagati.

Ruzoba rubaye urugendo rugira kabiri umwungere wa Ekleziya Katolika azoba agize mu gihugu ca Misiri. Umupapa wa nyuma aheruka kugendera ico gihugu ni Papa Paulo wa kabiri mu mwaka w’i 2000.

Urugendo rwa Papa Fransisiko rubaye inyuma y’ibitero vy’iterabwoba vyagizwe mu ntango z’uku kwezi, ku masengero y’abakristu b’aba Copte mu gisagara ca Alexandriya no mu gisagara ca Tanta kiri aho uruzi Nile rwisuka mw’ibahari Mediterane. Ivyo bitero vyabaye ku musi w’Imana w’ibisandasanda.

Abantu barenga 40 barahasize ubuzima, abandi batari bake barakomereka igihe abiyahuzi bari bafise amabombe bituritsa mu gihe abantu bariko bakorana kugira basenge.

Bitegekanijwe ko Papa Fransisiko avugana na perezida wa Misiri, Abdel Fattah el Sisi, imbere yuko abonana n’umuyobozi wa Ekleziya y’aba Copte b’aba Orthodox.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG