Uko wahagera

Turkiya: Abantu 18 Bahitanywe n'Ibitero vy'Indege


Ejo ku musi wa kabiri Indege za Turkiya zo mu ngwano zarateye abagwanyi b’umugwi w’abakurde ba PKK, hamwe n’uwundi mugwi ukorana nawo kumupaka wa Iraki na Siriya mu karere karimwo abasirikare ba Turkiya bari mu bikogwa vyo kugwanya intagondwa za reta ya kiyislamu.

Mw’itanganzo bashikirije ejo ku musi wa kabiri, abakozi b’ishirahamwe rijejwe kugenduza agateka ka zina muntu muri Siriya bavuga ko muri ivyo bitero hapfuye abantu bashika kuri 18, bakongera bakagabisha kw’ico gitigiri gishobora kwiyongera.

Turkiya, Reta zunze ubuwme za Amerika n’ibihugu vya buraya bimaze kwitira uwo mugwi w’abagwanyi ba PKK kuba bafatwa nk’abagizi b’iterabwoba kubera imyaka itari mike bagararije reta ya Turkiya bashaka kwiyonkora ngo bategeke akarere k’ubuseruko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Igisirikare ca Turkiya kimenyesha kw’ivyo bitero vyo mukirere ari ivyo kugwanya iterabwoba ribangamiye ubumwe bw’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG